Ikompanyi SportPesa ivuga ko ingingo y’ubutegetsi bwa Kenya yo kuyihagarikira inomero yayo ngufi isanzwe ikoreshwa n’abashaka gutombora ifise intumbero "igayitse".
Gisubiramwo itangazo ryasohowe, ikinyamakuru Daily Nation kivuga ko ikigo gishinzwe amashyirahamwe y’ugutombora (Betting Control and Licensing Board, BCLB) yatanze amasaha 48 ku bantu bafite amafaranga yabo ku makonti ya telefone akoreshwa mu gutombora ko baba bayakuyeko.
Ku munsi wa gatatu, icyo kigo cyabwiye ikompanyi yo gutumatumanaho muri Kenya, Safaricom, ko impushya z’amashirahamwe 27 y’ugutombora, harimwo na SportPesa, zari zahagaritswe kubera batujuje "ibisabwa n’amategeko kugira ngo asubire kwemererwa"
Itangazo ryasohowe na SportPesa rivuga ko iyo kompanyi yakurikije ibisabwa na leta ya Kenya, haba mubyibikoresho cyangwa muby’amategeko.
Iyo kompanyiikaba ikomeza ivuga ko ingingo zafashwe n’ikigo BCLB zishobora gutuma ibikorwa byo gutombora bikorerwa mu bwihisho, kandi ko zishobora kugira ingaruka mbi mu mibano no ku butunzi bw’igihugu.
By Imfurayabo Pierre Romeo

























